Uko wahagera

Kenya: Abantu 39 Barishwe n'Inzara Bategetswe n'Umupasitori Kwisonzesha


Ibiziga vy'abayoboke b'idini vyazuwe mu kigwati ca Shakahola, hafi y'igisagara ca Malindi, mu bumanuko bwa Kenya, kw'itariki ya 2/04/2023.
Ibiziga vy'abayoboke b'idini vyazuwe mu kigwati ca Shakahola, hafi y'igisagara ca Malindi, mu bumanuko bwa Kenya, kw'itariki ya 2/04/2023.

Ibiziga 39 biramaze gutorwa kugeza ubu mw’itongo ry’umupasitori muri Kenya. Uwo yarafashwe yagirizwa kubwira abayoboke biwe kwisonzesha gushika bapfuye.

Umukuru w’igiporisi co muri komine ya Malindi, John Kemboi, yavuze ko hari ibindi bisa n’imva kuri iryo tongo ry’uwo mupasitori Paul Makenzi zibwirizwa kwimbwa.

Abamaze kumenyekana ko bapfuye muri ubwo buryo bashika kuri 43, kuko abandi bane batowe mu ndwi iheze bapfiriye kuri iyo sengero yitwa Good News International Church.

Igiporisi casavye sentare kucemerera kugumana Makenzi mu gihe amatohoza akibandanya.

Uwo mupasitori yari amaze guhagarikwa incuro zibiri imbere y’aho, muri 2019 no mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka. Yarahagaritswe ku rupfu rw’abandi bana. Igiporisi kivuga ko izo dosiye zose zigitohozwako mu butungane.

Abanyeporitike bakorera muri ako karere basaba ubutungane kutamurekura kugira iyo ngendo yo guhenda abanyagihugu ntiyandukire utundi turere vyegeranye. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG