Uko wahagera

Irani: Abanyeshure Barabandanya Gukorwako Ibitero vy'Ubumara


Ibitero cane cane ku bana b’abakobwa hakoreshejwe gaze hamwe n’ubundi bumara vyabandanije mu bisagara bitari bike vya Irani, harimwo n’umurwa mukuru Teherani. Ijwi ry’Amerika ryavuze ko abanyeshure baharurwa mu macumi bajanywe mu bitaro.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka hamwe n’amasanamu ya videwo yakwirakwijwe ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko amashure atanu yo mu ntara zitandukanye za Irani yatewe hakoreshejwe imyuka ya gaze.

Ibi bitero vy’ubumara cane cane ku banyeshure b’abakobwa vyatanguye mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe 2022 mu gisagara ca Qom bica bitandukira ibindi bice vy’igihugu.

Hagati mu kwezi kwa gatatu, ikimenyeshamakuru ca reta ya Irani catangaje ko abanyeshure b’abakobwa barenga 1.200 bo mu mashure hafi 60 barwaye kubera ivyo bitero vy’imyuka y’ubumara. Abaharanira uburenganzira bwa muntu bo bavuga ko abo banyeshure barenga 7.000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG