Komisiyo y’ubumwe bwa Buraya kuri uyu wa kabiri yasavye ibihugu bigize uwo muryango kongereza ibitigiri vy’abasaba ubuhungiro vyakira babanje gushikira mu Butaliyano. Ibi bisabwe inyuma y’aho abashika muri ico gihugu kiri ku nkengera za Mediterane bongerekanye.
Ubutaliyano nibwo shikiro ry’amato azana abimukira bava mu buraruko bwa Afrika. Benshi bashikira mw’izinga rya Lampedusa riri mu bumanuko bw’Ubutaliyano.
Komiseri ajejwe igisata c’amafaranga akoreshwa mw’ishirahamwe rya Buraya, Johannes Hahn yavuze ko inkengera za Lampedusa ari n’iz’umugabane wa Buraya. Yavuze ko abimukira bahashikira bakwiye kuba umutwaro ku bihugu vyose vya Buraya.
Yavuze kandi ko Ubutaliyano bwonyene bwakiriye abimukira barenga 30.000 mu mezi atatu ya mbere y’uyu mwaka wonyene. Bamaze kwiyongera ku bice hafi 300 kw’ijana ugereranije n’ikiringo nk’iki nyene mu mwaka uheze.
Kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwa gatatu 2023 hamaze gupfa abimukira benshi muri Meditarane ugereranije kuva mu 2017. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze mu ntango z’uku kwezi ko abantu 441 bapfuye bariko bagerageza kujabukira ku mugabane wa Buraya. (AFP)
Facebook Forum