Uko wahagera

Rwasa: Reta y'Uburundi Ifise Umugambi wo Gufuta Umugambwe CNL


Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi
Agathon Rwasa atwara umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi bwo mu Burundi wemeza ko "Reta y’ico gihugu ifise umugambi wo ku wufuta burundu."

Umushingamateka Agathon Rwasa atwara uwo mugambwe atanga uburorero butandukanye burimwo amakoraniro yawo avuga ko aburizwamwo n'ibigirankana.

Akarorero ka hafi Rwasa yahaye Ijwi ry'Amerika mu kiganiro cihariye yagiranye n’Umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe, ni ak'ikoraniro ryari kuba ku munsi wa gatanu w'indwi iheze.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwasibije iryo koraniro bivuye kw'ikete ryarimwo "Agakosa gato. "CNL isanga, ikosa bahowe ryari ryoroshe guhubura, kwanka ko iryo koraniro riba, uwo mugambwe ukavuga ko ari ukuburabuzwa".

Mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika, Agathon Rwasa yagize ico avuga kandi no ku kibazo c'ubutunzi mu Burundi, aho yagarutse ku majambo amaze iminsi avugwa na bamwe mu bategetsi b'Uburundi, aho bemeza ko ata Murundi akenye, bakavuga ko Uburundi buri mu bihugu bitunze.

Ku bwa Rwasa, abavuga ko Uburundi butunze kandi ata Murundi akenye ni "ababona ivyo bafise bakibaza ko bose bahiriwe nk'abo."

Fyonda hasi wumve ikiganiro cuzuye Agathon Rwasa yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe.

Rwasa: Abavuga ko ata Murundi Akenye Baranguha
please wait

No media source currently available

0:00 0:12:17 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG