Uko wahagera

Sudani: Abababa 100 Baguye mu Ngwano y'Abasirikare ba Reta n'Abitwaje Ibirwanisho


Bamwe mu barwanya reta bafise ibirwanisho
Bamwe mu barwanya reta bafise ibirwanisho

Mu gihugu ca Sudani, ingwano hagati y’abasirikare ba reta hamwe n’umurwi w’abagwanyi bitwaje ibigwanisho, imaze guhitana abanyagihugu 97.

Iyo ngwano yabaye ku musi wa gatandatu hagati y’inteko za reta zirongowe n’umukuru w’intwazangabo, Jenerali Abdel Fattah Burhan, hamwe n’abagwanyi b’umugwi wiyise Rapid Support Forces, urongowe na Jenerali Mohammed Hamdan Dagalo.

Abo basirikare babiri barakoranye muri kudeta yo mu mwaka wa 2021 yakuyeho reta mfatakibanza yari yashizweho mu ntumbero yo kugarukana intwaro ya demokarasi muri ico gihugu.

Ibiro ntaramakuru by’Abongereza, Reuters, bitangaza ko abantu 365 bamaze gukomerekera muri iyo ntambara ariko ibindi binyamakuru vyo bivuga ko abakomeretse bamaze gushika ku 600

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU yasohoye itangazo rivuga ko umunyamabanga mukuru waryo Antonio Guterres yanebaguye bikomeye ubwicanyi burimwo ubwakorewe abakozi batatu b’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu, PAM, bijejwe ikigega c’ibifungurwa, mu buraruko bwa Darfur.

Iryo tangazo rya ONU rivuga kandi ko Guterres asaba impande zose guhagarika intambara buno nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG