Uko wahagera

Nyamugigima yo ku rugero rwa 7.0 muri Indoneziya


Ifoto y'iyindi nyamugigima yigeze kwumvikana muri indoneziya

Kinyamugigima gikomeye cane co ku rugero 7.0 cabiciye biracika uno musi ku wa gatanu muri Indoneziya.

Ico kinyamugigima cabereye mu mazi y’ibahari ari mu buraruko bw’izinga rikuru ryo muri Idoneziya rya Java. Iyi nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatanu n’igiko co muri Amerika kijejwe gukwirikirana ibinyamugigima.

Ico kinyamugigima cabaye isaha cumi n’iminuta 55 yo mu gitondo mu masaha yaho. Ibinyamugigima biraba kenshi muri Indoneziya kubera ico gihugu kiri mu gice ca Pasifike gikunda kuberamwo ibinyamugihima biva mu Buyapani gushika mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugabane wa Aziya.

Kinyamugigima c’uyu musi cabareye ku bilometero 160 mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Surabaya, kiza ubwa kabiri mu gihugu mu bigiri vy’abanyagihugu benshi. Ababa muri ico gisagara bararenga imiliyoni 2. Ico kinyamugigima cumvikanye mu gice kinini c’izinga rya Java no gushika mu mazinga ya kure ya Bali na Lombok. Umumenyeshamakuru w’itororkanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, Agence France Presse, AFP, yatangaje ko ico kinyamugigima kitumvikanye cane mu gisagara ca Surabaya.

Iknyamgugigima co ku rugero 5.5 cumvikanye ahabereye ica mbere hafi y’isaha imwe inyuma yaco. Abdul Muhari, umuvugizi w’ikigo c’igihugu kijejwe guhangana n’ibiza n’ivyaduka yatangaje ko bitari vyitezwe ko ikiyamugigima c’uno musi ku wa gatanu conona vyinshi kubera cabereye kure cane musi y’amazi y’ibahari Pasifike. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG