Uko wahagera

Prezida w'Amerika Arabandanya Urugendo rwiwe muri Irilande


Prezida Joe Biden muri Irlande
Prezida Joe Biden muri Irlande

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yabandanije urugendo rwiwe muri Irilande. Mu kurangiza urwo rugendo, yashikirije ijambo ari mu gisagara ca Ballina, kiri mu burengero bwa Irilande, aho ba sekuruza biwe ku ruhande rwa se wiwe, baba.

Prezida Biden yavuye ku murwa mukuru wa Irilande, Dublin, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, agana igisagara ca Knock, mu gice citwa County Mayo. Mu nyuma y’aho yagendere ikibanza citaho abarwayi baremvye cane. Prezida Biden arashikiriza kandi ijambo muri Katedrali yo mu gisagara ca Ballina.

Ku musi wa kane, Biden yarashikirije ijambo abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gisagara ca Dublin. Yabaye umuprezida wa Amerika agira kane ashikirije ijambo abagize izo nzego zibiri, bakoranye. Abandi baprezida bashikirije amajambo muri izo nzego zibiri imbere ya Biden ni John F. Kennedy, Ronald Reagan, na Bill Clinton. Biden yaravuze ku ruhara Irilande yagize mu gufasha Ukraine kwivuna ibitero vy’Uburusiya. Yavuze ko Irilande yifatanije na Amerika n’ibindi bihugu bikorana kw’isi mu gufata mu mugongo Ukraine.

Igihe yariko ashikiriza iryo jambo, abashingamateka n’abakenguzamateka baramukomeye amashi akatari gake. Si ibitangaje ko ijambo yashikirije ryakiwe neza. Eoin Drea, umushakashati mukuru mu kigo, Center for European Studies, yatangaje ko Biden ari umuntu yishimira cane kuba afise amamuko muri Irilande. Drea yavuze ko ari ibintu bituma abanyagihugu ba Irilande batari bake bamwishimira. Prezida Biden azotahuka muri Amerika mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG