Uko wahagera

Abarenga 20 mu Basubijwe muri DRC Birukanywe muri Angola Barafashwe ku Nguvu


Bamwe mu birukanywe muri Angola bagasubizwa muri DRC
Bamwe mu birukanywe muri Angola bagasubizwa muri DRC

Abakenyezi barenga 20 barafashwe ku nguvu igihe abimukira birukanwa muri Angola bagasubizwa muri Republika ya demokrasi ya Kongo. Abo banyekongokazi hamwe n’abana barafashwe ku nguvu, bongera barakubagurwa, igihe hafatwa ingingo yo kwirukana abimukira mu gihugu ca Angola kivunga, bagatahukanwa mu gihugu cabo ca Kongo. Ayo makuru yatangajwe n’umuganga yabitayeho hamwe n’abandi bategetsi bakorera ishirahamwe mpuzamakungu.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira ryavuze ko mu mezi aheze, reta ya Angola yasubije mu gihugu ca Kongo abimukira ibihumbi n’ibihumbi. Igitigiri nyakuri c’abirukanwe gushika ubu, ntikizwi, yamara muri aya mezi atandatu aheze, abakozi ibihumbi 12, barajabutse urubibe ruri hafi y’igisagara ca Kongo citwa Kamako.

Mu kwezi guheze, umutegetsi akorera ishirahamwe mpuzamakungu, yaragendeye ako karere, araheza yandika raporo ivuga ko abakobwa n’abapfasoni bahagaritswe
aho baciye hose, ata mpamvu zihari, bagatandukanywa n’imiryango yabo, hanyuma bagakoreshwa ibikorwa birtyoza agateka kabo, birimwo gufatwa ku nguvu.

Umuvugizi w’ibiro vya Angola bijejwe abimukira, Simão Milagres, yaremeje amakuru avuga ko abimukira benshi birukanywe muri aya mezi aheze. Yamara yarahakanye amakuru avuga ko abapfasoni n’abigeme bakorewe amabi menshi, arimwo gufata ku nguvu. (Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG