Uko wahagera

Siriya na Tuniziya Vyasubiye Kwunga Imigenderanire Inyuma y'Imyaka Cumi


Perezida Kais Saied wa Tuniziya
Perezida Kais Saied wa Tuniziya

Siriya yuguruye ambasade yayo i Tunis inyuma y’uko Tuniziya itangaje igenwa ry’uwuyiserukira ku murwa mukuru wa Siriya, Damas.

Ikinyamakuru ca Reta ya Siriya uno musi ku wa gatatu catangaje ko Tuniziya gisubiye kwunga imigenderanire na Siriya inyuma y’uko gihagaritse imigenderanire yaco mu myaka cumi iheze.

Ingingo yafashwe na prezida wa Tuniziya, Kais Saied yo kugena ambasaderi mushasha yaciye yemezwa buno nyene. Reta ya Siriya yaciye imusubirije mu ndumane mu kugena uwuyiserukira muri Tuniziya.

Igenwa ry’abo bategetsi ni iyindi ntambwe mu karere mu ntumbero yo gusubira gutsimbataza imigenderanire na Siriya, igihugu casinzikajwe n’ingwano.

Inzira yo gusubira kwunga imigenderanire na Siriya yafashe umuvuduko mushasha kuva habaye kinyamugigima gikomeye cane kw’igenekerezo rya 6 y’ukwezi kwa kabiri muri Siriya na Turkiya. Ni inyuma nanone y’uko Arabiya Sawudite na Irani bisubiye kwunga imigenderanire, Ubushinwa bubigizemwo uruhara.

Siriya yari yaciriwe ivomo n’amareta y’ibihugu bitari bike vy’Abarabu, kubera ingingo ya Prezida Bashar Assad yo gukandamiza bikomeye abari mu myiyerekano n’abasivile mu migumuko yavuyemwo ingwano yatanguye mu mwaka w’i 2011. Ivyo vyaratumye igihugu ca Siriya gikurwa mw’ishirahamwe ry’bihugu vy’Abarabu. Tuniziya yugaye ambasade yayo i Damas mu mwaka w’i 2012. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG