Uko wahagera

Bombe Yishe 4 Ikomeretsa 15 mu Bumanuko bwa Pakistani


PAKISTÁN
PAKISTÁN

Abantu bane bishwe abandi 15 barakomeretswa na bombe yari itumbereye imodokari y’igiporisi mu kibanza kirimwo isoko mu gisagara ca Quetta, mu bumanuko bushira uburengero bwa Pakistani kuri uyu wa mbere.

Umuhari Balochistan Liberation Army (BLA) uharanira kwiyonkora ku gihugu wigamvye ico gitero. Wavuze ko abantu bane bapfuye, barimwo n’abaporisi babiri.

Imbere y’iki gitero co kuri uyu wa mbere, abagabo bitwaje inkoho barateye abaporisi muri ico gisagara nyene ca Quetta, bica abaporisi babiri bongera bakomeretsa umwe. Umwe muri abo bateye yarishwe n’igiporisi.

Intara ya Balochistani ivyo bitero vyabereyemwo irimwo imigambi y’iterambere itari mike ishigikiwe n’Ubushinwa. Iyi migambi yariyamirijwe n’imihari y’abitwaje ibirwanisho baharanira kwigenga.

Mu ndwi iheze Pakistani yaratanguje ico yise urugamba rwa gisirikare rwo kugerageza kurandurana n’imizi intagondwa z’abayisilamiste. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG