Abantu 6 bagirizwa kwica uwahoze aserukira Ubutariyano i Kinshasa muri Kongo baciriwe umunyororo wo guherayo.
Hambavu ya Luca Attanasio yahoze aserukira Ubutariyano I Kinshasa, abandi bishwe ni Vittorio Iacovacci, Umutariyano yacungera umutekano w’uwo mu ambasaderi, hamwe n’umudereva wo mw’ishami rya ONU ryitaho ibiribwa kw’isi, PAM. Uwo mudereva yakomoka muri Kongo.
Bose uko ari batatu bagandaguriwe rimwe igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kabiri ko mu 2021. Akarwi k’abantu bitwaje ibirwanisho kabategerereye mu micungararo ya Parike ya Virunga iri mu ntara ya Kivu ya Ruguru, kabicisha amasasu.
Imyidondoro y’abo batandatu bagirizwa kubagandangura ntiyatangajwe. Umwe muri bo yaratorotse, mu gihe abandi batanu bafungiwe mu gasho ka gisirikare kari ahitwa Ndolo I Kinshasa.
Ivyaha begekwako birimwo: ubwicanyi, ugukorana n’ababisha, no gutunga ibirwanisho batabifitiye ububasha. Ibi vyaha vyose bagirizwa barabihakana. Bemeza ko bahohotewe. Ababuranira abo bagabo batandatu babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko bazokunguriza urubanza.
Abagiriwe n’ivyaha bari basabiwe igihano co kunyongwa. Yamara sentare ya gisirikare yabereyemwo urubanza rwabo yaracanse, ari nako kubakatira uwo guherayo.
Ubutariyano nabwo nyene ntibwigeze bushigikira ko bonyongwa. Muri Kongo, haheze imyaka 20 ata muntu ahanishwa igihano co kunyongwa. Gusa, iyo yagiciriwe akenshi gisubirizwa ico gufungwa ubuzima bwose.
Urubanza rw’aba bantu batandatu bagirizwa rugitangura, sentare yari yavuze ko umugambi wabo wa mbere wari uwo kunyuruza ambasaderi Luca Attanasio, mu ntumbero yo kwaka umuriyoni w’amadorali kugira bamurekure. (AFP)
DRC:Batandatu Bagirizwa Kwica Ambasaderi w'Ubutariyano Bakatiwe uwo Guherayo

Facebook Forum