Uko wahagera

Trump Avuga ko Ahowe Imvo z'Amatora


Trump Indicted
Trump Indicted

Donald Trump yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa kabiri ku mugoroba ko ahowe ibijanye n’amatora. Hari haheze amasaha make yagirijwe ivyaha muri sentare i Manhattan. Yifatiye mu gahanga umushikirizamanza w’i New York, Alvin Bragg, kuba yamwegetseko ivyaba.

Yavuze ko atigeze yiyumvira ko ikintu nk’ico gishobora gushika muri Amerika. Ibi yabivugiye imbere y’abanywanyi biwe iwe i Mar-a-Lago mu gisagara ca Palm Beach, muri reta ya Florida. Yavuze ko icaha conyene azi ko yakoze ari ugukingira igihugu abarondera kugisambura.

Trump yahakanye ibirego aregwa 34 vyo gukoresha impapuro zitari zo mu bikorwa vyiwe vy’urudandaza. Abashikirizamanza b’i Manhattan bwamwagiriza ko yarishe amafaranga y’igipfukamunwa ku bagore babiri imbere y’amatora yo mu 2016 kugira ivyo bakoranye ntibije ahagaragara.

Trump abaye uwa mbere mu baperezida bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika bari ku butegetsi canke ababuvuyeko yagiriwe n’icaha.

Abajijwe nimba yemera ivyo yagirizwa, yishuye avuga ko ku ruhande rwiwe ata caha yiyagiriza. Umushingwamanza wiwe, Todd Blanche, yavuze ko bagiye nyabuna gutangura urugamba n’ubutungane kandi bagiye kurwana n’inguvu.

Bimwe mu bimenyetso vyavuzwe ko bitsinda Trump ni amajwi yiwe yumvikanye ariko avugana n’umushingwamanza wiwe mu kwezi kw’icenda 2016. Aho bariko baravugana ingene bozimanganya ivy’ayo mafaranga ntace kw’izina ryiwe.

Trump, ari mu bashobora kuba abakandida b’umugambwe w’abarepuburikani mu matora yo mu 2024. Ntaco yavuze igihe yinjira muri sentare, ndetse n’igihe yayisohokamwo inyuma y’isaha hafi imwe. Trump yigeze kuvuga ko kwagirizwa ibi vyaha biriko bikorwa ku mvo za poritike.

Vyari bitegekanijwe ko aca asubira mu rugo iwe muri Florida, aho vyitezwe ko ahava ashikiriza ijambo igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga gato. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG