Uko wahagera

Trump Yahakanye Ibirego 34 Yagirizwa


Trump imbere y'ubucamanza

Donald Trump yahakanye ivyaha yagirizwa kuri uyu wa kabiri. Yanse kwemera ibirego 34 vyo gukoresha impapuro zitari zo mu bikorwa vyiwe vy’urudandaza. Hari igihe ubutungane bwamwagiriza ko yarishe amafaranga y’igipfukamunwa ku bagore babiri baryamanye muri kahise kugira izina ryiwe ntricafuzwe.

Ibirego kuri we vyashizwe ahabone inyuma y’aho arengukiye imbere y’ubutungane. We n’abandi bari kumwe muri ayo madosiye bagirizwa guca kubiri n’amabwirizwa agenga amatora mu kugerageza gufuta ivyari kumucafuriza dosiye imbere yo kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu 2016.

Abo bagore babiri yagirizwa ko yagomvye guhishira ni umukinyi w’amareresi y’imibonano mpuzabitsina, Stormy Daniels hamwe n’uwahoze ari umunyamideri, Karen McDougal.

Trump abaye uwa mbere mu baperezida bo muri Retazunze ubumwe za Amerika bari ku butegetsi canke ababuvuyeko yagiriwe n’icaha.

Abajijwe nimba yemera ivyo yagirizwa, yishuye avuga ko ku ruhande rwiwe ata caha yiyagiriza. Umushingwamanza wiwe, Todd Blanche, yavuze ko bagiye nyabuna gutangura urugamba n’ubutungane kandi bagiye kurwana n’inguvu.

Bimwe mu bimenyetso vyavuzwe ko bitsinda Trump ni amajwi yiwe yumvikanye ariko avugana n’umushingwamanza wiwe mu kwezi kw’icenda 2016. Aho bariko baravugana ingene bozimanganya ivy’ayo mafaranga ntace kw’izina ryiwe.

Trump, ari mu bashobora kuba abakandida b’umugambwe w’abarepuburikani mu matora yo mu 2024. Ntaco yavuze igihe yinjira muri sentare, ndetse n’igihe yayisohokamwo inyuma y’isaha hafi imwe. Trump yigeze kuvuga ko kwagirizwa ibi vyaha biriko bikorwa ku mvo za poritike.

Vyari bitegekanijwe ko aca asubira mu rugo iwe muri Florida, aho vyitezwe ko ahava ashikiriza ijambo igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga gato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG