Uko wahagera

Finlande Yinjiye Icese mw'Ishirahamwe OTAN


Abantu barishimira ko Finlande cinjiye muri OTAN
Abantu barishimira ko Finlande cinjiye muri OTAN

Ukwinjira kwa Finlande muri OTAN vyateye agashavu Uburusiya, bishimisha impande zihanganye nabwo mu ntambara burwana muri Ukraine. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, ni we yakiriye impapuro zemeza ko Finlande yinjiye icese muri OTAN.

Yakira izo mpapuro mu birori vyabereye i Buruseri ku murwa mukuru w’Ububirigi, Blinken yagize ati: “Iki ni co kintu conyene dukwiye gushimira prezida w’Uburusiya. Yarihutishije uwu mugambi yihetseko mu gusomborotsa Ukraine.” Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Finlande, Antti Kaikkonen, nawe yavuze ko uyu munsi winjiye mu mateka y’igihugu ciwe, kandi ari intambwe nziza kuri OTAN.

Uburusiya bugereranya ukwinjira kwa Finlande muri OTAN n’ukubangamira umutekano wabwo. Bugabisha mbere ko buzokwihora.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, nawe yavuze ko inguvu za gisirikare z’ibihugu bigize OTAN ari 50% z’inguvu za gisirikare z’amakungu, gutyo abwira bagenzi biwe ko igihe cose bazofatana mu nda, atawe uzoshobora gutera igihugu na kimwe kiri muri iryo shirahamawe.

Finlande isangiye umupaka w’ibirometero 1300 n’Uburusiya. Yinjiye muri OTAN inyuma y’imyaka igera kuri 30 yifata ku ngingo yo guhamvya ibindi bihugu biri muri OTAN mu mugambi wavyo wo kwivunira hamwe umwansi. Yinjiye kandi muri OTAN ku munsi iryo shirahamwe rirumanije imyaka 74 rimaze ribayeho. OTAN ryashinzwe igenekerezo rya 4 ukwezi kwa kane ko mu 1949. Finlande igize igihugu cigira 31 ca OTAN.

Ukwinjira kwa Finlande muri OTAN gusiguye ko igihe cose yoterwa, bizofatwa nkaho uwoyitera azoba ateye OTAN: Ingingo ya gatanu mu mategeko y’umutekano agenga OTAN isiguira ko umutekano w’ibihugu biri muri iryo shirahamwe ucungererwa mu kibiri, gutyo umwansi ateye igihugu kanaka bigasa nkaho ateye ibihugu vyose bigize uwo muryango.

Suwede nayo nyene irashaka kwinjira muri OTAN. Turukiya na Hongriya yamara biracakwega amaguru mu kuyemerera kwinjira. Uguhigimana kw’ivyo bihugu bibiri ni nakwo kwari kwacereje iyinjira rya Finlande muri OTAN.

Finlande na Suwede vyose vyashatse kwinjira muri OTAN inyuma y’uko Uburusiya buteye Ukraine. OTAN yavuze ko bitebe bitebuke, Ukraine nayo nyene izoba umunyamuryango wayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG