Uko wahagera

Burundi: 19 Bahoze ari Abarwanyi ba Red Tabara Baciriwe uwo Guherayo


Aboreberi 19 ba Red Tabara bashikanywe ku mumpaka w'Uburundi n'u Rwanda, kuwa 31 ukwezi kw'indwi 2021
Aboreberi 19 ba Red Tabara bashikanywe ku mumpaka w'Uburundi n'u Rwanda, kuwa 31 ukwezi kw'indwi 2021

Ubutungane bw'Uburundi bwahanishije umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose abagabo 19 bahoze ari abagwanyi b'umuhari Red- Tabara urwanya ubutegetsi bwa Gitega. Uwo murwi ufise ibirindiro mu ntara ya Kivu y'ubumanuko ufatwa na Reta y'Uburundi nk'umuhari w'iterabwoba.

Abaciriwe urubanza bari bahungiye mu Rwanda imbere y'uko ico gihugu kibashikiriza igendereza ry'Uburundi mu mpera z'ukwezi kw'indwi muri 2021.

Abasirikare b'u Rwanda bariko bakura amapingu kuri bamwe mubaroberi ba Red Tabara imbere yo kubashikiriza Uburundi
Abasirikare b'u Rwanda bariko bakura amapingu kuri bamwe mubaroberi ba Red Tabara imbere yo kubashikiriza Uburundi

Nk’uko kopi y’urubanza rwaciwe na sentare nkuru ya komine Muha mu buraruko bw’igisagara c’ubutunzi Bujumbura ivyerekana, uko ari 19 abahanywe ni abagabo gusa. Bose ni Abarundi.

Iyo kopi idondagura amazina yabo yose y’Ikurundi n’Ubukirisu igira iti:" baragiriwe n’icaha co kuba mu kagwi k’iterabwoba no guhungabanya umutekano w’igihugu n’abenegihugu none bahanishijwe ugufungwa ubuzima bwabo bwose”.

Abandi bagabo batatu bahanishijwe na sentare nkuru ikukira komine Muha umunyororo w’imyaka 20. Bagiriwe n’icaha co gufasha akagwi k’iterabwoba. Babiri muri uwo murwi wari warezwe n’umushikirizamanza abakekako icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu barejejwe n’umucamanza.

Abaciriwe urubanza uko ari 21 bategetswe kuriha indishi y’akababaro bahuriyeko ingana n’imiliyoni 600. Azohabwa Leta y’Uburundi kubera abantu bapfuye, ibintu vyononekaye harimwo ivuriro, ni ko umucamanza yategetse. Abahanywe kandi ni bo babwirizwa kuriha amagarama. Uru rubanza rwaciwe mu ntahe yo kuwa 28 ukwezi kwa kabiri uyu mwaka ariko ingingo imenyeshwa abo yerekeye kuwa 30 uku kwezi kwa gatatu guheze. Ababuranyi nta mushingwamanza bari bafise.

19 muri bo bari bahungiye mu Rwanda inyuma y’ibitero bakoze ku butaka bw’Uburundi. Kuwa 31 ukwezi kw’indwi 2021, u Rwanda rwabashikirije igendereza ry’Uburundi hari n’abaserukira umurwi wo kugenzura w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyo mu biyaga binini vya Afrika CIRGL na ONU. Bashikirizwa igendereza ry’Uburundi ico gihe n’ibirwanisho vyabo vyahawe Uburundi.

Umukuru w’iperereza ry’igisirikare c’u Rwanda General major Vincent Nyakarundi Yavuze ko icatumye u Rwanda rubatanga ari intego rwihaye yo gutsimbataza no guharanira amahoro mu karere hamwe no gukomeza umubano mwiza.

Aba bantu 21 baciriwe urubanza, umurwi w’abaroberi bitirirwa ufatwa n’ubutungane bw’Uburundi nk’uwukora iterabwoba. Imisi mike imbere y’uko bafatwa, umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre Nyandwi, yari yasohoye itangazo avuga ko umunyapolitike Alexis Sinduhije ari mu buhungiro yikekwa kuba ari we yashinze Red-Tabara yasohorewe umutahe mpuzamakungu.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Uburundi Bwaciriye uwo Guherayo 19 Bahoze ari Abarwanyi ba Red Tabara
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:07 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG