Uko wahagera

Ibihuhusi Vyahitanye Abashika 10 mu Bumanuko no Hagati muri Amerika


Ibihuhusi vy’imiyaga ivanze n’imvura nyinshi vyaciye mu bice bimwe vyo mu mareta yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yo mu bumanuko no hagati hashira uburengero. Vyahitanye ubuzima bw’abashika kw’icumi.

Ivyo bihuhusi vyahaciye mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu vyakubuye amazu hamwe n’ibibanza bikoremwamwo ubucuruzi. Abatabara bavuye mu bice bitandukanye vyo muri ako karere bavuze ko abapfuye ari abanyagihugu bo mu gasagara gato kitwa Wynne, muri reta ya Arkansas. Abandi ni abo mu mareta ya Alabama, Illinois, Indiyana na mu karere ka Little Rock.

Buramatari wa reta ya Arkansas, Sarah Huckabee Sanders, yategetse ko abasirikare bo muri reta yiwe baja gufasha abategetsi bo muri ivyo bice vyasinzikajwe n’ico kiza.

Amazu hafi 90.000 ntagira uuyagankuba muri Arkansas. Icika ry’umuyagankuba ryavuzwe no muri Iowa, Missouri, Tennessee, Wisconsin, Indiayna na Texas. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG