Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko, ashobora gusohoka ibitaro ejo ku wa gatandatu. Matteo Bruni avugira Vatikano yatangaje ko imiti abaganga bahaye Papa Fransisiko yamugiriye akamaro ku buryo ata cobuza ko aho bukera atahuka ku kirimba iwe.
Bruni yagize ati: “ Ejo ku wa kane yarasangiye ifunguro ryo ku mugoroba n’abamurwaje, uno munsi arafungura ivyo mu gatondo ata kibazo, yongera asoma ibimenyeshamakuru bitandukanye kandi arakora imwe mu mirimo yiwe mu cumba arwariyemwo.”’
Vatikano yavuze ko ata gihindutse ku wa Mungu, Papa Fransisiko afatikanije n’umwe mu ba kardinari bakuru, azohereza imisa y’ibisandasanda. Umwe mu ba kardinari bakuru azoja kwa rutari, Papa nawe ayihereze yicaye mu ntebe yiwe, nkuko Vatikano ibandanya kubisigura.
Papa Fransisiko yinjiye ibitaro ku wa gatatu w’ino ndwi bivuye ku bibazo vy’amahaha no guhema nabi afise. Kuva mu 2021, ni ubwa kabiri agiye mu bitaro kwivuza ingwara z’amahaha: Akiri muto, abaganga bamuvanyemwo uruhande rumwe rw’amahaha.
Yinjiye ibitaro mu gihe yaheruka guhimbaza imyaka cumi amaze ku ntebe y’umwungere mukuru wa Ekleziya Katorika. Aheruka gutangaza ko ari nkahamwe yokikwa cane n’amagara, ata cobuza ko atanga imihoho. Gusa, ubu avuga ko akibasha.
Papa Fransisiko mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yashimiye abamwipfurije imisuhuko, muri bo harimwo prezida w’Amerika Joe Biden yanditse avuga ko “isi igikeneye Papa Fransisiko”
Papa Fransisiko Azova mu Bitaro kuri uyu wa Gatandatu

Facebook Forum