Uko wahagera

Umwami w'Ubwongereza ari mu Budagi


Umwami w'Ubwongereza na Prezida w'Ubudagi
Umwami w'Ubwongereza na Prezida w'Ubudagi

Umwami w'Ubwongereza, Charles III yashitse, uno musi ku wa gatatu mu gisagara ca Berlin, mu rugendo rwiwe rwa mbere agize mu mahanga mu mabanga yiwe y'umwami w'Ubwongereza.

Umwami Charles III afise icizere c’ugukomeza imigenderanire hagati y’Ubwongereza n’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya. Ashaka kandi kwerekana ko abantu mu mahanga bashobora kumukunda nk’uko babigenjeje kuri nyina wiwe, umuhisi umwamikazi Elizabeth II mu kiringo c’imyaka 70. Umwami Charles III n’umutambukanyi wiwe, Camilla bashitse ku kibuga c’indege ca reta mu gisagara ca Berlin ku mutaga w’uno musi ku wa gatatu.

Vyari bitegekanijwe ko prezida w’Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier, abakira n’ivyubahiro bikomeye. Bitegekanijwe ko umwami Charles III, afise imyaka 74, yashitse ku ngoma inyuma y’urupfu rw’umwamikazi Elizabeth II mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2021, yimikwa kw’italiki 6 y’ukwezi
kwa gatanu.

Yari yategekanije mu ntango kugendera ubwa mbere Ubufransa. Yamara urwo rugendo rwarasibishijwe bivuye ku myiyerekano ikomeye iriko ibera muri ico gihugu y’ukwiyamiriza ingingo ya reta y’uguhindura imyaka abantu bagirako mu karuhuko ko mu za bukuru.

Bitegekanijwe ko umwami Charles III ashikiriza ijambo inama nshingamateka y’Ubudagi ejo ku musi wa kane. Azobonana kandi n’umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Olaf Scholz, avugane n’impunzi zo muri Ukraine, yongere abonane n’abasirikare b’Ubwongereza n’Ubudagi bariko bakorana ku migambi basangiye. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG