Uko wahagera

Ibihugu 120 mu Nama ku vya Demokarasi


Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, uno musi ku wa gatatu aratanguza inama igira kabiri kuri demokrasi, yongere atangaze umugambi w'amadorari imiriyoni 690 Amerika izotanga, agenewe imigambi ya demokrasi kw'isi.

Reta ya Biden ishaka gukoresha iyo nama y’imisi ibiri itangura uno musi ku wa gatatu kugira ishimikire ku migambi izotuma u buhinga bwa none bufasha demokrasi aho kuyirwanya.

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi barenga 120 baratumiwe muri iyo nama iba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Prezida Biden yama yatangaje ko Amerika n’ibihugu bicuditse bisangiye ivyiyumviro vya demokras, biri mu gihe gihambaye aho bitegerezwa kwerekana ko bishobora gukorera abanyagihugu bavyo kurusha ibihugu bitwaza igitugu.

Inama kuri demokrasi ni ikintu Biden yemeye kuzoshira imbere igihe yariko ahiganira amabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2020 ku giti c’umugambwe w’Abademokrate.

Izo nama zacitse ikintu gikomeye mu kigoro ka reta yiwe ko kugerageza gukomeza imigenderanire n’ibihugu bikorana na Amerika. Izo nama zabaye kandi akaryo ko

gukebura ibihugu bifise intumbero yo gutera bija mu ntwaro y’igitugu kugira bihindure iyo ntumbero, naho vyoba mu buryo bugereranye.

Iyo mfashanyo shasha Reta y’Amerika yemeye izoshimikira ku migambi yo gushigikira itangazamakuru ryigenga, kurwanya ruswa, gukomeza agateka ka muntu, gushira imbere ubuhinga bwa none buteza imbere demokrasi bugashigikira amatora yigenga kandi atagiramwo utunenge.

Ibintu bitari bike vyararanguwe mu makungu mu kiringo c’amezi 15 kuva Biden akoresheje inama ya mbere kuri demokrasi mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2021.

Ibihugu bitandukanye vyo kw’isi vyarogoroye inyuma y’uko bihanganye n’ikiza ca COVID-19, Uburusiya bwarateye Ukraine. Biden yarateranye amajambo na Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, ku bijanye n’inguvu n’igihagararo mu vya gisirikare n’ubutunzi vy’Ubushinwa bitera vyiyongera mu karere gakora ku Buhinde n’inyanja ya Pasifike n’ahandi kw’isi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG