Uko wahagera

USA Yemereye Akarere ka Sahel Imiriyoni Zirenga $100 zo Kurwanya Iterabwoba


Prezida wa Nana Akufo-Addo n'icegera ca prezida wa Amerika Kamala Harris mu kiganiro n'abamenyeshamakuru
Prezida wa Nana Akufo-Addo n'icegera ca prezida wa Amerika Kamala Harris mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Icegera ca Prezida wa Amerika, Kamala Harris, ejo kuwa mbere yaremereye Ghana n’ibihugu vyo mu karere ka Sahel, imfashanyo ya Amerika ingana n’imiriyoni zirenga 100 z’amadolari. Mu rugendo arimwo muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika, yashimangiye mu kuvuga ko inyungu za Amerika mu bihugu vya Afrika zirengeye uguhiganwa n’Ubushinwa.

Harris yavuze ko ayo mafaranga angana n’imiriyoni 139 z’amadolari, ahanini azofasha gukinga intambara mu karere ka Sahel, aho intagondwa z’abayisilamiste zigisibije mu bihugu vya Benin, Ghana, Gineya, Kotedivuware na Togo.

Yabivugiye ku ngoro y’umukuru w’igihugu ca Ghana, ari kumwe na Prezida, Nana Akufo-Addo.

Harris ategekanya kumara uwundi musi muri Ghana imbere yo guca yerekeza mu buseruko bwa Afrika, muri Tanzaniya, azoce aherukira muri Zambiya imbere yo gutahuka muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG