Uko wahagera

Visi Prezida w'Amerika Azosura Ghana, Tanzaniya, na Zambiya


Visi Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kamala Harris
Visi Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kamala Harris

Visi Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kamala Harris, aratangura urugendo rw’imisi indwi muri Afrika mu mpera z’iyi ndwi, muri iki gihe Reta ya Amerika iriko iragerageza kwerekana ko ishobora gukorana neza na Afrika kurusha uko Ubushinwa buriko burabikora.

Visi perezida Harris ategekanya kuganira n’abo bategetsi ku ruhara Ubushinwa bufise mu bijanye n’ubuhinga bwa none hamwe n’ibibazo vy’ubutunzi muri Afrika, biteye amakenga Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Bazoganira kandi ku uuhara rw’Ubushinwa mu migambi gusubiramwo imyenda, ivyo bihugu bibufitiye.

Harris ategekanya kuganira n’abategetsi batatu bo muri Afrika ku kibazo c’uruhara Ubushinwa bufise muri ivyo bihugu hamwe n’ukuntu ivyo bihugu vyo kworoherezwa mu myenda ibihanze. Ategekanya gutangaza imigambi ya Amerika yo gukoresha imitahe mu mashirahamwe yigenga hamwe no mu nzego za reta.

Kimwe mu bihugu Harris azogendera, ni Zambiya; igihugu ca mbere co muri Afrika cananiwe kuriha imyenda yaco, igie ikiza ca Covid-19 cari gihanze isi yose. Muri iki gihe ico gihugu kiriko kiraganira n’ibihugu vyagihaye imyenda, birimwo Ubushinwa, kugira bishike ku masezerano.

Harris azoba ari muri Ghana kuva igenerekerezo rya 26 gushika ku rya 29 ry’uku kwezi kwa gatatu, hanyuma ace aja muri Tanzaniya kuva ku rya 29 gushika ku rya 31. Imisi yiwe ya nyuma muri urwo rugendo, azoyimara muri Zambiya, kuva kw’igekerezo rya 31 ry’uku kwezi kwa gatatu gushika kuri imwe y’ukwezi kwa kane.

Visi perezida Harris asanzwe azi neza igihugu ca Zambiya. Inakuru avyara nyina, yarigeze gukora muri ico gihugu, kandi yahora aja kumuramutsa akiri umwana mutoyi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG