Uko wahagera

Abatabara Bashitse muri Mississipi Gusukura Inyuma y'Igihuhusi


USA-WEATHER/MISSISSIPPI
USA-WEATHER/MISSISSIPPI

Abatabara hamwe n’abakorerabushake bashitse muri reta ya Mississippi, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu w’Imana. Bagiye gufasha gukubura, inyuma y’igihuhusi gikomeye kivanze n’imvura cahaciye ku musi wa gatanu. Abantu 26 barahasize ubuzima harimwo n’umwe wo muri reta ya Alabama bihana urubibe.

Abantu baharurwa mu majana gushika ubu ntibagira aho baba muri iyo reta inyuma y’ico kiza.

Perezida Joe Biden kuri uyu w’Imana yavuze ko ico gihuhusi kivanze n’imvura kiri mu rwego rw’ibiza.

Ibice vyatangajwe ko vyabayemo iki kiza bigera kuri bine. Ni Carroll, Humphreys, Monroe na Sharkey. Ibisagara vya Rolling Fork na Silver City biri mu hasinzikajwe cane n’iki kiza.

Iri tangazo rya perezida Biden ritegeka ko hatangwa amafaranga yo kugarukira no gutabara ababangamiwe n’iki kiza harimwo n’ayo gufasha gutanga ingurane ku bazifuza.

Bitegenyijwe ko umushikiranganji wa Amerika w’umutekano mu gihugu, Alejandro Mayorkas, n’umuyobozi ajejwe ivyerekeye ibiza n’ubutabazi, Deanne Criswell, bagendera reta ya Mississippi kwirabire ivyononekaye. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG