Uko wahagera

Etiyopiya Yashizeho Reta Mfatakibanza mu Ntara ya Tigreya


Getachew Reda yagenywe mu mabanga yo kuyobora Reta mfatakibanza muri Tigreya
Getachew Reda yagenywe mu mabanga yo kuyobora Reta mfatakibanza muri Tigreya

Etiyopiya yashizeho reta mfatakibanza mu ntara ya Tigreya nk'uko bitegekanijwe mu umugambi w'amahoro. Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa kane n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere. Ni intambwe ikomeye mu gushira mu ngiro amasezerano y'amahoro.

Nk’uko vyari vyitezwe, umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, yagenye Getachew Reda, mu mabanga y’ukuyobora reta mfatakibanza. Uyu yari asanzwe ari umuvugizi w’umuhari, Tigray People’s Liberation Front, TPLF, wayoboye intara ya Tigreya mu ngwano na Reta ya Etiyopiya mu mpera z’umwaka w’i 2020.

Getachew ategerezwa gushiraho reta y’ubumwe, izoserukira impande zose za politike zikorera mu ntara ya Tigreya. Getachew yagenywe mu ndwi iheze n’umuhari wiwe TPLF, kuyobora reta mfatakibanza, ntiyishuye buno nyene abajijwe kugira ico avuga ku mabanga yiwe mashasha.

Ku musi wa gatatu inama nshingamateka ya Etiyopiya yaratoye ingingo ikura umuhari TPLF ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba. Kuba uwo muhari wari kuri urwo rutonde yari inzitizi ikomeye ku vyerekeye gushiraho reta mfatakibanza.

Kuba ata reta mfatakibanza yari ihari vyarageramiye ibikorwa vy’ugufasha abanyagihugu mu ntara ya Tigreya, mu gihe imishahara y’abakozi ba reta n’abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu batahembwa, amashirahamwe y’abagiraneza nayo atagira reta bikorana. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG