Uko wahagera

Ubutariyano Buhanganye n'Abimukira Bagana Umugabane wa Buraya


Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubutaliyano, Antonio Tajani.
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubutaliyano, Antonio Tajani.

Ubutaliyano bwipfuza ko ikigega mpuzamakungu FMI kirekura umuriyaridi 1.9 w’amadolari w’ingurane cari caremereye Tuniziya. Butinya ko mu gihe ayo mafaranga atoboneka, Tuniziya yobamwo umutekano muke, gurtyo abimukira bagaca bahungira ku mugabane wa Buraya. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubutaliyano, Antonio Tajani.

Ibiganiro hagati ya Tuniziya na FMI bitumbereye gusohora ayo mafaranga vyarahagaze. Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bisaba prezida wa Tuniziya, Kais Saied, guhindura bimwe mu gihugu kugira ayo mafaranga abashe gusohorwa.

FMI yatanguye guhagarika ivyo biganiro kuva mu kwezi kw’indwi 2021, Prezida Saied yigaruriye ubutegetsi bwose, ahagarika inama nshingamateka aca atangura gutwaza amategeko ya perezida.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giorgia Meloni aragabisha ko Ubutaliyano bushobora gushikirwa n’umuzo w’abimukira benshi mu mezi ari imbere mu gihe Tuniziya itoronswa ayo mafaranga.

Ubutaliyano bumaze kwakira abimukira 20.046 bazananye mu bwato baciye mw’ibahari muri uyu mwaka wa 2023. Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, 12.000 muri bo baje baturuka muri Tuniziya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG