Uko wahagera

Burundi: Idolari ry'Abanyamerika Rirushiriza Kuduga Agaciro


US Dollars and Burundi Francs
US Dollars and Burundi Francs

Mu Burundi idorari ry’Abanyamerika rirushirije kuduga agaciro ugereranije n’ifaranga Abarundi bakoresha. Muri kino gihe rigurwa amafaranga atari munsi ya 4.000 vy’amafaranga y’amarundi k’uwuje arirondera, n’amafaranga 3.950 k’uwuje arizanye.

Imyidogo ni yose ku bavunjayi bo kw’isoko yo mu kinywabi bavuga ko birirwa barafatwa baturatuzwa, bakanapfungwa bagirizwa kuba intandagaro y’itituka ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi. Abaganiriye n’Ijwi ry’Amerika, batifuje ko amazina yabo aja ahabona, bavuga ko bababazwa no kubona abakorera mu mazu yo kuvunja yemewe bakoresha igiciro kingana canke kigasumba igiciro co kw’isoko yo mu kinywabi.

Bamwe muri bene ayo mazu yo kuvunja bavuga yuko igituma idorari badandaza riguma rizimvye ari uko Ibanki nkuru y’igihugu, BRB, ibaha uburenganzira ikabima amadorari. Umwe muri bo ati: “Idorari ndarigurisha nkurikije uko nanje nariguze sinokorera guhomba”.

Bamwe mu badandaza bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga yuko mu bitera ubukene bw’idorari mu Burundi hariho n’amahinguriro akomakomeye nka BRARUDI asigaye agurira amadorari mu kinywabi ku badandaza batayahabwa na BRB. Abandi na bo bakavuga yuko hari abantu benshi babitse amarundi mu nzu bahaye bayavunja mu madorari ku gutinya ijambo umukuru w’igihugu aherutse kuvuga yuko azoyahindura ibipapuro bidafise agaciro.

Abarongoye BRB bo bemeza yuko ubukene bw’amafaranga mvamakungu buterwa n’uko umwimbu igihugu gishorera hanze utaba wisununuye. Ariko kandi ngo birava no kubayarondera bongerekanye kw’isoko yo mu kinywabi kuva aho BRB igabanirije ibisata iha amadorari. Bati ntakindi kizomara ubwo bukene atari ukugwiza umwimbu no kwirinda gukorera mu kinywabi.

Désiré MUSHARITSE icegera c’umukuru wa BRB aranagabisha abafise amazu yo kuvunja batubahiriza ibiciro bimanitswe ku miryango yabo ati bitebe bitebuke bazobihanirwa. Aranahumuriza Abarundi ko Reta iticaye hariho ivyo iriko irakora bizotuma ayo mafaranga mvamakungu asubira kugwira mu gihugu. Yamara, ntiyadusiguriye igihe ivyo bizoshobokera.

Kuva mu kwezi kwa 9 umwaka uheze wa 2022 ibisata bitatu ni vyo vyonyene bironswa n’ibanki nkuru BRB amafaranga mvamakungu. Ivyo ni igitoro, imiti n’ifumbire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG