Uko wahagera

Trump Akeka ko Agiye Kuzohagarikwa na Sentare i New York


Donald Trump
Donald Trump

Donald Trump yahoze ari prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko yiteze kuzofatwa ku musi wa kabiri igihe azorenguka muri sentare y’i Manhattan, mu gisagara ca New York. Iyi nkuru yagaragaye ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe, Truth Social, kuri uyu wa gatandatu.

Umuvugizi w’umushikirizamanza w’i Manhattan ntaco yashatse kuvuga kuri ayo makuru, igihe yabazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters.

Trump yavuze ko yamenye amakuru yo mw’ibanga yo muri iyo sentare ko ashobora kuzohagarikwa. Ariko ntiyavuze ido n’ido ry’ivyo iyo sentare imwagiriza.

Ku rubuga rwiwe Trump yanditse ati: “Hari amakuru y’ibanga yavuye mu biro vy’umushikirizamanza w’i Manhattan, ivyo biro vyaranzwe na ruswa kandi bikora bishingiye kuri poritike ata vyemeza. Iyo sentare itumbereye guhagarika ku musi wa kabiri umukandida w’umurepuburikani kandi yahoze ari prezida wa Amerika".

Ibiro vy’umushikirizamanza, Alvin Bragg, i Manhattan mu ntango z’uyu mwaka vyaratanze ivyemeza ku bariko baratohoza ku 130.000 vy’amadolari y’igipfukamunwa Trump ygirizwa ko yahaye Michael Cohen yahoze ari umushingwamanza wiwe. Ubucamanza buriko buratohoza ko muvy'ukuri ayo mafaranga yahawe Stormy Daniels, umukenyezi akina amareresi arimwo imibonano mpuzabitsina, mu misi Trump yagira atangure kwiyamamariza kuba umukuru w’igihugu mu 2016.

Uwo mukenyezi Daniels, asanzwe yitwa Stephanie Clifford, avuga ko hari ivyo bahuriyeko na Trump mu myaka irenga cumi imbere y’iyo myiyamamazo. Ariko Trump yavuze ko ata na kimwe cabaye.

Trump yabaye umuperezida w’umurepuburikani kuva mu 2017 gushika mu 2021. Yavuze ko azogaruka muri White House mu matora yo mu 2024.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG