Uko wahagera

Tombola y'Amakipe Azohura muri Kimwe ca Kane ca UEFA


Tombola ku makipe azohura muri kimwe ca kane c'igikombe c'imirwi y'umupira w'amaguru yo ku rwego rw’icyiciro ca mbere yo ku mugabane w'Ubulaya yabaye uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Nyon mu gihugu c'Ubuswise.

Muri iyo tombola, ya kimwe ca kane, umurwi Real de Madrid wo muri Esipanye uzohura na Chelsea yo mu Bwongereza, Inter Milan yo mu Butaliyano izokina na Benfica, yo muri Portugal. Manchester City yo mu Bwongereza izohura na Bayern Munich yo mu Budagi mu gihe AC Milan izokina na Naples, imirwi yompi yo mu Butaliyano.

Muri kimwe ca kabiri, uwuzoba yatsinze hagati AC Milan na Naples azohura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Inter Milan na Benfica, mu gihe uwuzoba yatsinze hagati ya Real de Madrid na Chelsea azohura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Manchester City na Bayerm Munich.

Umurwi Real de Madrid ni wo umaze gutsindira ibikombe vyinshi cane mu mateka y’ihiganwa ry’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere ku mugabane w’Uburaya. Uwo murwi umaze gutsindira ibikombe 14. Pep Guardiola, umumenyereza mukuru w’umurwi Manchester City azohura muri kimwe ca kane n’umurwi Bayern Munich yahoze amenyereza.

Iyi Bayern Munich umaze gutsindira igikombe c’imirwi yabaye iya mbere ku mugabane w’Uburaya incuro zitandatu. Manchester City na Chelsea niyunguruza, izoba ari imirwi yo muri shampiyona y’Ubwongereza ihuye muri kimwe ca kabiri.

Inkino za mbere za kimwe ca kane zizoba kw’itariki 11 na 12 z’ukwezi kwa kane, mu gihe inkino za kabiri zizoba kw’itariki 18 na 19 z’ukwo kwezi nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG