Abategetsi bashinzwe ubuzima mu Burundi no muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo babonye ko virusi y’imbasa irimo gukwirakwira, nk’uko byatangajwe n’ishami rya ONU ryita ku buzima OMS hamwe n’urwego rushinzwe kurandura imbasa kw’isi.
Abantu umunani banduye ni bo bemejwe ko banduye mu Burundi. OMS yavuze iyo virusi yemejwe mu mwana w’umuhungu w’imyaka 4 utarakingiwe, wo muri komini ya Isale mu ntara ya Bujumbura no mu bandi bana 2 bahuye na we.
OMS yongeyeho iti: “Ikindi hafashwe ibipimo bitanu by’amazi yanduye, byemeje ko virusi y’imbasa yo mu bwoko bwa kabiri, irimo kuzenguruka. Ubwo bwoko bwa virusi y’imbasa yo mu bwoko bwa kabiri, ikwirakwira rya bwo rishobora gushoboka, iyo ubwoko bwa virusi bwaciwe intege n’urukingo rutangwa mu kanwa, bumaze igihe kirekire buzenguruka mu bantu batakingiwe bihagije.
Uburundi bufite umugambi w’ingira ry’indwara y’imbasa mu byumweru biri imbere, ku bana bageze ku myaka 7 y’amavuko, bubifashijwemo n’ishami rya ONU ryita ku buzima OMS na GPEI.
Urwo rwego rwa ONU rwavuze ko iyo virusi ikwirakwira yabonetse mu bana batandatu muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo mu ntara ya Tanganyika mu
burasirazuba bw’igihugu no mu ntara ya Kivu y’epfo. Kongo nayo irateganya gahunda y’ikingira mu kwezi kwa kane nk’uko urwego rushinzwe kurandura imbasa kw’isi (GPEI) rubivuga. (Reuters)
Ingwara y'Imbasa Igeramiye Uburundi na Kongo

Facebook Forum