Uko wahagera

DRC: Abarenga 35 Baguye mu Gitero c'Abarwanyi Bakorana na ADF


Abasirikare ba Kongo
Abasirikare ba Kongo

Umurwi w’abarwanyi bikekwa ko bakorana n’intagondwa z’abarwanyi ba kislamu, barishe abantu bashika 38 mu gisagara co mu buseruko bwa Kongo, nk’uko bitangazwa n’umwe mu barongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Ico gitero cabaye ejo ku musi wa gatatu mw’ijoro, cakozwe n’uyo murwi ucuditse n’abarwanyi bo mu murwi ADF wo mu Buganda, ucumbitse mu buseruko bwa Kongo. Uyo murwi ukorana n’intagondwa za kislamu zizwi kw’izina Islamic State wama wakoze ibitero mu bisagara no mu ducimbiri muri ico gice ca Kongo.

Ico gitero cabereye mu gasagara gatoyi kitwa Mukoni, kari ku birometero 30 vy’igisagara ca Beni, mu ntara ya Kivu ya ruguru. Iyo itwarwa n’igisirikare kuva mu 2021, yama yabereyemwo ibitero vy’imirwi yitwaje ibigwanisho.

Bulamatari w’iyo ntara, Carly Nzanzu Kasivita, uyu musi ku wa kane yacishije ubutumwa kuri Twitter, aho yatangaje kw’abantu 36 aribo baguye muri ico gitero catanguye ejo ku musi wa gatatu ku muhingamo.

Umukuru w’ishirahamwe ryo muri iyo ntara riharanira inyungu z’abanyagihugu, Mumbere Limbadu Arsenewe, yavuze kw’abaguye muri ico gitero bashika 44 kandi barimwo abana hamwe n’abageze mu za bukuru. Yavuze kandi hari n’abandi banyagihugu bataratorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG