Uko wahagera

Uburundi Bugiye Gutangura Kwumviriza Amasura ku Bwicanyi bwo mu 1972


Abakozi ba CVR bacukura ivyobo vyashyinguwemo abantu mu kivunge
Abakozi ba CVR bacukura ivyobo vyashyinguwemo abantu mu kivunge

Mu Burundi, umurwi CVR ujejwe kunywanisha no kumenya ukuri uteganya gutanguza ibikorwa vyo kumviriza abantu ku mugaragaro ku bwicanyi bwabaye muri 1972.

Umukuru wa CVR avuga ko intumbero nyamukuru ari ukugira abiciwe ababo, abazi ivyababaye babishikirize ku mugaragaro bongere batange imbabazi maze abakoze amabi bakiriho nabo babonerweho gusaba ikigongwe.

N'abantu canke imiryango imanza zerekeye ubwicanyi bw'ico gihe zamaze gucibwa ku buryo ntabanduka baremerewe kuza muri ivyo bikorwa. Pierre Claver Ndayicariye, umukuru wa CVR yibaza ko ivyo bizotuma Abarundi biyunga kurusha.

Mw’itangazo umurwi w’igihugu ujeje kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi CVR washize ahabona , uvuga ko ibikorwa vyo kumviriza abantu ku mugararagaro bazi canke bafise amakuru ku bwicanyi bwa 1972 bwahitanye Abahutu benshi, bizotangurira mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw’Uburundi.

Naho ata musi umurwi CVR watanzwe, iryo tangazo rimenyesha ko mu Ruyigi ari ho hibonekeje amasura menshi n’abatangabuhamya bawemereye kuzogira ico bashikirije kurusha mu zindi ntara. Kugira igikorwa kigende neza, abakomiseri bazumviriza abantu bazoba bava mu bwoko budasa.

Ndayicariye aramutswa CVR yahumurije avuga ko ata muntu n’umwe mbere n’abikekwako ivyaha azokurikiranwa kuri ino ntambwe kubera ibizoba vyavuzwe.
Muri iki kiringo, n’abantu, imiryango canke amashirahamwe afise ivyavuga bifitaniye isano n’imaza zaciwe mu buryo ntabanduka bazokwakirwa. Mugabo umurwi CVR ushimangira wibutsa abantu ko atari sentare.

Iki kiringo kije inyuma y’imyaka ine umurwi CVR umaze ucukura ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu bishwe mu rwimo rwa 1972 bwahitanye Abahutu benshi. Amashirahamwe aharanira inkehwa z’Abatutsi yariyamirije iyo ngendo avuga ko ubwicanyi bwahitanye Abatutsi bwirengagijwe, n'ubu akiriko.

Ariko muri CVR n’ubu bavuga ko bitabatera isoni kuvuga ko urwimo rwo muri 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu. Ibi na Prezida Ndayishimiye ava muri ubwo bwoko yanaroye mw’ishamba yiteguriye gusesera amaraso ntibabihurizako n’uwo murwi.

Uburundi bufise amoko amwe n’igihugu kibanyi c’u Rwanda ONU yemeje ko cabayemo jenoside yakorewe Abatutsi mu mwaka w’i 1994. Mu Burundi ho, kugeza ubu, Abatusti n’Abahutu bari bagiharira ku kuntu ubwicanyi bwakorewe ababo bwokwitwa mu biringo bitandukaye. Ahanini Abahutu basaba ko urwimo rwahitanye abahutu benshi muri 1972 rwokwitwa ihonyabwoko mu gihe Abatutsi bifuza ko ubwicanyi bwayogeje ababo muri 1993 nyabuna ari bwo bwokwitwa ihonyabwoko.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Impande Zitandukanye Ntizihuriza kw'Izina Ryohabwa Ubwicanyi bwo mu 72
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG