Uko wahagera

Tanzaniya: Abakenyezi Baba mu Nkambi z'Impunzi Barasaba Guhabwa Ijambo


Umugore urimo kugosora imyaka mu murima nkambi ya Nduta
Umugore urimo kugosora imyaka mu murima nkambi ya Nduta

Hafi amakungu yose arimwo kwizihiza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’Isi. Abatuye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu bo bavuga ko ibibazo byabo bitera vyiyongera hafi uko umwaka utashe. Bavuga ko nta bwigenge bagira, bafatwa ku nguvu, n’agahohotero hagati y’abubakanye kararenze muri iki gihe.

Benshi muri bo bavuga ko ibibazo nyamukuru bihambariye umukenyezi kandi bitarigera bitorerwa umuti ari gufatwa ku nguvu, cyane cyane iyo bagiye gusenya, gucinyizwa n’abagabo mu rugo, kutigishwa imyuga itandukanye yofasha gukemura ibibazo mu miryango no kutaronswa imfashanyo zikwiye.

Hafi buri mwaka amashirahamwe abijejwe mu nkambi za Nduta na Nyarugusu arizihiza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’Isi. Muri uwo muhango ahanini baratanga inyigisho zitandukanye mu bijanye n’ibibazo bihambariye abakenyezi: yamara ikibazo ni uko bitashirwa mu ngiro mu ntumbero yo gukemura ivyo bibazo.

Bamwe mu bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika bavuga ko umukenyezi ariwe nkingi y’umuryango ariko aho batuye mu nkambi umukenyezi nta jambo agira, bigatuma ingaruka zikomeye mu buzima bwabo, naho hafi buri mwaka umuhango wo kwizihiza umunsi w’ abakenyezi uba muri izo nkambi ariko bamwe bamwe baridoga y’uko batararikwa kugira biture ibibazo bafise.

Bamwe bamwe mu bakenyezi batuye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu barigishwa imyuga itandukanye naho atari ku rugero rushimishije, mu bitigiri bitangwa na HCR buri mwaka hafi abakenyezi 95 nibo bigishwa imyuga yofasha gukemura ibibazo mu rugo mu gihe inkambi ya nduta ituyemwo abakenyezi barenga gato ibihumbi 28 mu bitigiri bitangwa na HCR.

Abo bakenyezi bo mu nkambi za Nduta na Nyarugusu bemeza ko kuva bashitse muri izo nkambi ibibazo bihambariye abakenyezi bitarigera bigabanuka, gusa babura uko bagira mu gihe ibibazo vyatumye bahunga bitarakemuka kugira batahe mu gihugu c’amavuko ari nayo mpamvu basaba reta ya Tanzaniya co kimwe na HCR gukomeza babafasha no gukemura ibibazo bihambariye abakenyezi.

Mu biharuro vya nyuma vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi HCR mu mpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka turimwo impunzi z’Abarundi zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya zigera ku 145,525 hafi igice cabo n’abakenyezi, gusa bugarijwe n’ibibazo ntangere mu buzima bwo mu buhungiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG