Uko wahagera

Uburundi Bwategetse Igisabisho c'Iminota 30 ku Bakozi ba Reta


Prezida Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe

Guhera kuri uno wa kabiri, abakozi bo mu biro vya prezida w'Uburundi, abo mu biro vy'icegera ciwe n'abo mu biro vy'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu babwirizwa gutangura umunsi w'abo w'akazi n'amasengesho y'iminota 30.

Ikete ryateweko umukono na Coloneli Aloys Sindayihebura, umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vya gisivile mu biro vya Prezida Ndayishimiye, rivuga ko ico gisabisho kizohora gitangura imisi yose y'akazi kuva saa moya n'inusu kugera sa mbiri z'igitondo.


Iryo kete risigura ko ino ngingo yafashwe ije ikurikira ico ibiro vya prezida w'Uburundi vyise " Ubutumwa Prezida Ndayishimiye yahaye indongozi z'ibisata bitandukanye vy'Uburundi kw'igenekerezo rya mbere ukwezi turimwo, azibwira ko ibisata vyose vy'igihugu bibwirizwa gushiraho umwanya wo gusengera igihugu."

Ijwi ry'Amerika ryabajije amasoko yaryo mu biro vya prezida w'Uburundi nimba isengesho ry'uno munsi ryabaye naryo rigira riti:" Erega si bishasha, dusenga kuva tucimukira kwa Ntare. Gusa, ubu bisa nk'itegeko rizohava rivyara ukudodoberezanya no kwikekana bitari ngombwa. Uwuzocerwa ko ari nk'itegeko bizogenda gute? Uwutikoza igisabisho nawe? ". Isoko ryacu mu biro kwa Prezida Ndayishimiye ryatubwiye ko iyo minota 30 iharurwa mu masaha y'akazi atangura 7:30 z'agatondo mu Burundi.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera abakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu kugira twumve ko boduka insiguro zirenze iziri mw'itangazo rimenyesha ino ngingo ariko turabakena: Madame Rosine Guilene Gatoni avugira prezida Ndayishimiye akaba ari nawe ajejwe gutanga amakuru mu biro vyiwe ntiyitavye terefone yacu incuro zine twamurondeye. Iyo tuza kumubona, twamubaza nimba uwutazokwitabira ano masengesho y'iminsi yose hari itegeko ry'akazi azoba arenze, n'ico prezidansi y'Uburundi ivuga ku myidogo y'abasanga ivy'amasengesho bitari bikwiye kuba nk'itegeko.

Kuva mu 2005 umugambwe CNDD-FDD uja ku butegetsi, waratunganya amasengesho: Ku ntwaro y'Umuhisi Pierre Nkurunziza, amasengesho yategurwa yaba yatunganijwe cane cane n'abapasiteri bo mu madini y'abaprotestanti. Umuhisi Nkurunziza yari umuprotestanti.

Umuhisi Nkurunziza mu masengesho yo mu kwa gatanu ko mu 2020
Umuhisi Nkurunziza mu masengesho yo mu kwa gatanu ko mu 2020

Umuhisi Nkurunziza amaze gushengera, Prezida Evariste Ndayishimiye yamusubiririye yarabandanije nawe nyene uwo mugenzo wo gutegura amasengesho utigeze uranga izindi ntwaro zabanjirije CNDD-FDD. Ahatandukaniye amasengesho ategurwa ku butegetsi bushasha, ni uko yo atangurira mu maparuwsi katorika, kandi ayaba ku mwaka ku mwaka arazwi, kuko arananditswe: Prezida Ndayishimiye w'umukatorika yashizeho ingingo itunganya amasengesho ahuza amadini yose kabiri mu mwaka, ku wa kane wa nyuma w'ukwezi umugambwe akomokamwo CNDD-FDD ukabwirizwa gutunganya amasengesho abera mu ngoro z'imigambwe zose ziri mu gihugu.

Evariste Ndayishimiye mu masengesho
Evariste Ndayishimiye mu masengesho

Umwe mu bayagiye Ijwi ry'Amerika ntibashime ko amazina yiwe atangazwa yagize ati:" Kuva na kera, umwami yari afise inshingano ziwe, umuherezi akagira iziwe, umuvugishwa akagira iziwe. Abategetsi naho baba bakunda Imana si bo bajejwe gutunganya amasengesho y'igihugu."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG