Uko wahagera

Abapfasoni Bibungeze Bafungura Nabi Bariyongeye mu Bihugu 12


Bamwe mu bapfasoni bibungeze muri Malawi
Bamwe mu bapfasoni bibungeze muri Malawi

Igitigiri c’abapfasoni bibungenze hamwe n’abonsa bafungura nabi, cariyongereye mu bihugu 12 bihanzwe n’ikibazo c’ibifungurwa.

Ico gitigiri cariyongeye incuro 25% muri iyi myaka ibiri iheze mu bihugu bigeramiwe n’ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga, bivuye ahanini ku ngwano yo mu gihugu ca Ukraine. Iyi nkuru yatangajwe uyu musi ku wa kabiri n’ishirahamwe ryitaho ibibondo UNICEF, umusi umwe imbere y’ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi.

Gufungura nabi bishobora gutuma abapfasoni bibungenze hamwe n’abonsa bagira amagara make kuko umubiri wabo utaba ugishoboye kugwanya ingwara, bakanagira ingorane mu kiringo bibungenze hamwe no mu kwibaruka.

Ibihugu bimwe bimwe vyo musi y’ubutayu bwa Sahara, vyarabayemwo ibitigiri biri hejuru vy’impfu z’ibibondo, zitewe n’ngorane zitandukanye.

Abana imiliyoni 51 kw’isi hose bafise imyaka iri musi y’ibiri, usanga ari bagufi,( bakaba ibikuri) ugereranije n’ukuntu bari kuba baresha kuri iyo myaka, bivuye ahanini ku kurya nabi. Abandi bana bangana n’igice c’ico gitigiri, baba bagufi igihe bakiri mu nda y’abavyeyi babo, canke bakaba bagufi mu mezi ya mbere y’amavuko, nk’uko ivyigwa vyabitohoje, bivyerekana.(AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG