Uko wahagera

Uburusiya Bwagabiye Malawi Amatoni 20.000 vy'Ifumbire y'Imirima


Umunyagihugu wa Malawi yikoreye intabire kw'ikinga
Umunyagihugu wa Malawi yikoreye intabire kw'ikinga

Reta y’Uburusiya yagabiye Malawi amatoni 20.000 y’intabire yo mu mirima, kimwe mu twigoro two kurondera gushigikirwa n’ibihugu vya Afrika muvya dipolomasiya.

Ambasaderi w’Uburusiya muri Malawi, Nikolai Krasilnikov, yavuze ko Uburusiya butegekanya kandi guha umugabane wose wa Afrika amatoni angana 260,000.

Yavuze ko yizeye ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bazovugira igihugu ciwe kugira gikurweko ibihano cafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, igihe bazoba bari mu nama igira kabiri izohuza Uburusiya na Afrika mu gisagara ca St. Petersburg mu mpera z’ukwezi kw’indwi.

Umushikiranganji wa Malawi w’uburimyi, Sam Kawale yavuze ko izo ntabire zizohabwa imiryango y’abarimyi 400,000 kandi zizofasha mu kugwiza umwimbu mu burimyi.

Malawi iri mu bihugu vyatoye binegura Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka uheze kubwo gutera Ukraine. Ibihugu bindi birenga 15 vya Afrika vyahisemwo kudatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG