Uko wahagera

Moritaniya: Abanyororo Batorotse Ibohero Bishe Abacungera Umutekano


Umurwa mukuru wa Moritaniya
Umurwa mukuru wa Moritaniya

Muri Moritaniya abanyororo bane b’abagwanyi biyita ko ari ’Umurwi w’intambara ntagatifu ya kislamu” batorotse agasho mu murwa mukuru Nouakchott, bagenda bishe bamwe mu bajejwe umutekano.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko abo banyororo batanye mu mitwe n’abajejwe umutekano igihe bariko baragerageza gutoroka, barasa abapolisi babiri bongera bakomeretsa abandi babiri.

Mw’itangazo ubushikiranganji bwashize ahabona kuri uno musi wa mbere bwamenyesheje ko abasirikare n’abapolisi bakomeje gucungera umutekano w’ako gasho bongera batangura ibikorwa vyo guhiga no gufata abo banyororo.

Nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, babiri muri abo banyororo bari baraciriwe igihano cyo gupfa, abandi babiri bari barindiriye gucirirwa urubanza aho bagirizwa kuba bari mu mugwi w’iterabwoba. (AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG