Uko wahagera

Abagera kuri 20 Bakomerekeye mu Ndege Yava mu Budagi Ija muri Maurice


Isanaamu y'indege yakomerekeyemwo 20
Isanaamu y'indege yakomerekeyemwo 20

Abantu batari bake bakomeretse, uno musi ku wa kane, igihe indege barimwo yari ibavanye mu gisagara ca Frankfurt igana izinga rya Maurice, yaca mu gice c'ikirere cari kimeze nabi, bigatuma iyo ndege igenda iracekangura abari muri yo. Iyo nkuru yatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Budagi, dpa.

Abantu bari muri iyo ndege y’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu yo mu Budagi, Condor, abadereva bayo n’abandi bayikoramwo bagera kuri 20 bakomeretse igihe iyo ndege yaca muri ico gice c’ikirere kimeze nabi mu kiringo kigera ku masaha abiri imbere y’uko yururuka. Umuvugizi w’iryo shirahamwe ry’indege zitwara abantu ryo mu Budagi, Condor, yatangarije iyo nkuru itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Budagi, dpa.

Maurice ni igihugu kigizwe n’amazinga menshi. Izinga rikuru riri ku bilometero 2,000 umuntu avuye mu gice co mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugabane wa Afrika cegereye ibahari Indiyana.

Umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu ryo mu Budagi, Condor, yatangaje ko abakomeretse bariko barasuzumwa mu bitaro. Ukuntu abakomeretse bamerewe ntibitomoye. Amakuru atangwa avuga ko ikibanza c’abadereva b’indege yagize ivyo bibazo cononekaye. Yamara nta birenga aho vyatangajwe.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa A330, yari itwaye abantu 272, abadereva hamwe n’abayikoramwo 13 yururutse ata ngorane igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminuta 29 mu masaha yo muri Maurice, ku kibuga c’indege kiri hafi y’umurwa mukuru, Port Louis. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG