Uko wahagera

Ubufaransa Bwatangaje Imigambi y'Ubutunzi na Gisirikare Bufitiye Afurika


Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, yashikirije uno musi ku wa mbere imigambi mishasha y'igihugu ciwe ijanye n'ivyerekeye ubutunzi n'igisirikare ku mugabane wa Afrika mu myaka iri imbere. Ni mu gihe igihagararo c'Ubufransa kiriko kiragabanuka bikomeye kuri uwo mugabane.

Prezida Macron yatangaje ko igihugu kigiye gukorana n’ibihugu vyo muri Afrika kurushiririza mbere, mu buryo bwuzuriza impande zose. Yabitangaje mw’ijambo yashikirije mu biro vyiwe imbere y’uko atangura, urugendo rwiwe mu bihugu vya Gabon, Angola, Congo-Brazzaville na Republika ya demokrasi ya Congo ku musi wa gatatu.

Mu kiringo kiri musi y’umwaka, inteko z’Ubufransa zaravuye mu gihugu ca Mali, gica kizisubiriza n’abacangero b’Abarusiya. Mu bihe vya vuba, Burkina Faso nayo nyene isa n’iyiriko yitura Uburusiya.

Kwanka Ubufaransa vyaratumye haba imyiyerekano mu mabarabara yo mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika yo mu burengero no mu buraruko yo kwiyamiriza ico gihugu Ubufransa cahoze gikolojine ivyo bihugu. Vyongeye, imigenderanire Ubufransa n’ivyo bihugu, iriko igeramirwa n’iyo mu vy’ubutunzi itera yiyongera hagati yavyo n’ibihugu vy’Uburusiya, Ubushinwa na Turkiya.

Ibiro vya prezida w’Ubufransa vyatangaje ko urugendo rwa Prezida Macron rufise intumbero yo gusubira kugarukana inguvu n’igihagararo cabwo ku mugabane wa Afrika. Yamara ivyo biro vyamenyesheje ko umugambi atari gusubira kugarukana akahise, ahubwo ari ugushira imbere imigenderanire mishasha ijanye n’ibihe vya none. (AP)

XS
SM
MD
LG