Uko wahagera

ONU Yahagaritse Ingendo z'Indege Zayo muri DRC


Imwe mu ndege ya UN muri DRC
Imwe mu ndege ya UN muri DRC

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno musi ku wa mbere ryatangaje ko rihagaritse ingendo z'indege zaryo mu buseruko bwa Republika ya Kongo inyuma y'aho idege ya kajugujugu yaryo irashwe muri ako karere.

Iyo ndege ya kajugujugu, yari ivuye mu gisagara ca Walikale igana i Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu buraruko, yarashwe mu kiringo c’iminuta cumi. Yamara yarashoboye kwururukira neza mu gisagara ca Goma, abadereva bayo 3 n’abandi bantu10 bari muri yo ari bazima.

Iyo nkuru yatangajwe n’ishami rya ONU rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM. Ingendo z’indege za ONU zaciye zihagarikwa mu bice bimwe bimwe mu buseruko bwa Kongo gushika umutekano usubiye kwihwezwa.

Iyo ndege ya kajugujugu ya ONU itanga imfashanyo muri bimwe mu bice biri kure mu gihugu, ata bundi buhari bw’ukuhashika kubera amabarabara mabi canke umutekano muke.

Gushika ubu, nta murwi n’umwe uremenga ko ari wo wakoze ico gitero. Yamara bubaye ubwa kabiri muri uku kwezi indege ya kajugujugu y’ishirahamwe ONU iraswa mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Igitero cabaye imbere y’aho cihitanye umusirikare ajejwe gucungera umutekano akomoka muri Afrika y’epfo, uwundi agira kabiri na we, arakomereka.

Urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwavuze ko gukora ibitero n’impaka ku nteko zijejwe gucungera umutekano, bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.

Amashirahamwe atari make atanga imfashanyo yatangaje ko iyo ngwano imaze imyaka itari mike ibera mu buseruko bwa Kongo, yarakuye mu zabo abantu barenga imiliyoni 5, mu gihe yatumye kandi abasivile batari bake bageramiwe n’ikigoyi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG