Uko wahagera

Perezida wa Sudani y'Epfo Yasavye Impunzi Gutahuka


Prezida wa Sudani y'ubumanuko Salva Kiir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Juba, kw'itariki ya 28/03/2022
Prezida wa Sudani y'ubumanuko Salva Kiir mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Juba, kw'itariki ya 28/03/2022

Prezida wa Sudani y’epfo yateye akamo impunzi zirenga imiriyoni zibiri zahunze igihugu, ziri mu bihugu bibanyi, gutangura gutahuka mu gihugu cabibarutse. Prezida Salva Kiir yavuze ko reta yiwe yiteguye gucungerera umutekano impunzi zizohitamwo gutaha.

Impunzi zirenga imiriyoni 2.3 z’abanyesudani y’epfo nizo ziba mu bihugu bibanyi nka Kenya, Uganda na Misiri.

Mw’ijambo yashikirije ku musi wa gatatu i Juba, Prezida Salva Kiir yavuze ko gutahukana abo benegihugu kiza ubwa mbere mu vyo reta ifise ku rutonde. Yari kumwe n’abaserukira abakuwe mu ngo zabo bahungiye mu gihugu hagati.

Benshi muri abo banyesudani y’epfo bashwiragiye mu gihugu hagati, bateshejwe izabo n’intambara yo mu 2013, igihe abasirikare ba Salva Kiir batana mu mitwe n’abo uwo batacana uwaka Riek Machar.

Sudani y’ubumanuko ntirigera ironka amahoro arama kuva yikukiye kuri Sudani mu 2011. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG