Uko wahagera

Ghana: Ikiziga c'Umukinnyi Christian Atsu Cashikanywe Accra


Abantu batwaye umurambo w'umukinnyi w'Umunyeghana Christian Atsu Twasam, 31, wahitanywe n'umushitsi muri Turukiya
Abantu batwaye umurambo w'umukinnyi w'Umunyeghana Christian Atsu Twasam, 31, wahitanywe n'umushitsi muri Turukiya

Ikiziga ca Christian Atsu, umukinyi w'umupira w'amaguru yakinira umurwi nserukiragihugu wa Ghana, carashikanywe n'indege ku murwa mukuru, Accra ku musi w'Imana. Iyo nkuru yatangajwe n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Ghana.

Ikiziga ciwe cari giherekejwe n’umuryango wiwe hamwe na Ambasaderi wa Ghana muri Turukiya, cashitse ku murwa mukuru, Accra ejo mw’ijoro.

Atsu, yari afise imyaka 31, yahitanywe na kinyamugigima gikomeye cane cihaye inkumbi mu bihugu vya Turukiya na Siriya kw’itariki 6 y’uku kwezi kwa kabiri. Ico kinyamugigima cahitanye abantu barenga 46,000 muri ivyo bihugu vyompi.

Hari amukuru mu ntango yari yamenyesheje ko Atsu, yahoze akina mu mirwi y’umupira w’amaguru ya Chelsea na Newcastle, yo mu Bwongereza, yari yarokowe umusi umwe inyuma y’ico kinyamugigima. Yamara vyahavuye bimenyekana mu nyuma y’aho ko ayo makuru atari ay’ukuri. Ikiziga ciwe catowe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Ubushikiranganji bwa Ghana bujejwe imigenderanire, ku musi wa gatandatu, bwaratangaje ko mukuru wa Atsu na mushikiwe bari aho ibisigarira vyiwe vyatowe muri Turikiya. Umupfakazi wiwe, Marie-Claire Rupio n’abana bavyaranye 3 barifatanije n’abandi ku musi wa gatandatu mu kumwibuka mu kibuga c’umupira w’amaguru c’umurwi Newcastle wo mu Bwongereza. Hari imbere y’urukino rwo muri Shampiyona y’Ubwongereza rwahuje uwo murwi n’uwa Liverpool. (AFRICA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG