Uko wahagera

Umuririmvyi R. Kelly Ashobora Kuzova mu Munyororo Yarakwije Imyaka 100


Umuririmvyi R.Kelly mu maforo yiwe ya kera akiririmba
Umuririmvyi R.Kelly mu maforo yiwe ya kera akiririmba

Muri Amerika, abashikirizamanza basavye abacamanza gucira umuririmvyi R.kelly iyindi myaka 25 y'umunyororo.

Imyaka 25 abashikirizamanza bo ku rwego rw’igihugu muri Amerika basabira R. Kelly, ikaramuka yemejwe, izoba ije kwiyongera ku yindi 30 yamaze gukatirwa n’ubutungane bwo mu gisagara ca Chicago, kubera ivyaha vyo gukorera abana ihotera rishingiye ku gitsina vyamaze kumwagira.

Umuririmvyi w’Umunyamerika R.Kelly afise imyaka 56 y’amavuko. Abacamanza bose ni bemeranya kuri iyo myaka 25 yindi y’umunyororo asabirwa, azoshobora kwidegemvya ariko akabakaba imyaka ijana y’amavuko.

Abashikirizamanza bamusabira kongerwa umunyororo, bavuze ko “R. Kelly ari ikibazo gikomeye mu kibano, kandi ari umubegito yahohoteye abana benshi. Gutyo, uburyo bwo gukumira ko asubira gukora amabi nk’ayo yakoze ari ukumugumiza mu munyororo ubuzima bwiwe bwose asigaje kuri ino si.”

Insiguro z’igituma abo bashikirizamanza basabira R.Kelly ibihano bikarishe, ziri ku mpapuro 37. Uwumuburanira we asaba ko ahanishwa umunyororo utarenza imyaka 10.

Robert Sylvester Kelly, azwi kw’izina rya R.Kelly yavukiye mu gisagara ca Chicaco aha muri Amerika. Yamenyekanye mu ndirimwo ziwe zitandukanye zirimwo ahanini “I Believe I Can Fly” yakunzwe ku migabane itandukanye irimwo umugabane wa Afurika (AP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG