Uko wahagera

Turukiya: Hari Abagihumeka Inyuma y'Imisi 10 Bari Munsi y'Ibibomoke


Turukiya ibandanya kurokora ababomokeweko n’ibihomoke vyatewe na nyamugigima yumvikanye muri ico gihugu igenekerezo rya gatandatu uku kwezi.

Inyuma y’iminsi irenga cumi humvikanye nyamugigima muri Turukiya no muri Siriya, abajejwe gutabara muri Turukiya bavuze ko uno munsi barokoye umuyabaga w’umuhungu bamuvana mu bibomoke yari amazemwo amasaha 260.

Uwo muyabaga w’imyaka 14 yitwa Osman Halebiye. Akirokorwa, yaciye atwarwa ku bitaro vyo mu ntara ya Antakya iri mu buseruko bw’ico gihugu.

Uwo muyabaga yarokowe uno munsi, aje akurikira abandi babiri b’imyaka 26 n’imyaka 33 bari mu banyuma abajejwe ubutabazi barokoye.

Nyamugigima yumvikanye muri Turukiya na Siriya igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kabiri, yari ku rugero rwa manyitide 7.8. Ni yo nyamugigima imaze gihitana benshi mu mateka ya Turukiya.

Hari abatanguye kwagiriza abajejwe igisata c’ukubaka muri Turukiya ko hari amategeko batubahirije, gutyo bikaza kuvyara ugusenyuka kw’inyubakwa zitandukanye.

Abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo nyamugigima muri Turukiya na Siriya barenze ibihumbi 41. Abenshi muri abo, ni abo muri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG