Uko wahagera

Ubukene bw'Igitoro mu Burundi


Imwe mu ma sitasiyo yumye ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura
Imwe mu ma sitasiyo yumye ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura

Mu Burundi, kurondera igitoro ca esanse bisa n'ugushaka umuzi w'ibuye. Mu ntara zose n'imirwa mikuru ya politike n'ubutunzi nta n'ima rirangwa ku ma sitasiyo. Vyatumye ahenshi ibiciro vyo kwiyunguruza biduzwa incuro zibiri.

Haraheze indwi hibonekeza ubukene bw’igitoro bwo mu bwoko bwa esanse mu ntara zose zigize Uburundi nk’uko amasoko atadukanye yaganiriye n’Ijwi ry’Amerika yabitwiganiye.

Ama sitasiyo nka yose arumye ni ko amasoko yacu amenyesha, ayitwa ko afise gikeya na yo mu kanya ko gukubita urugohe kiba giheze bitewe n’uko abakirondera ari benshi.

Mu ntara ya Bubanza mu burengero, ingezi ziridoga ko ibiciro vyo kwiyunguruza vyacitse umurengera. Umurucuruza w’ibifungurwa yavuganye n'Ijwi ry'Amerika avuga ko n’ibindi bidandazwa vyose vyaduze.

No mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero baba abunguruza abantu n’ibintu baba abakiriya, bose bararira. Kuri magendu, esense igurwa hagati y’ibihumbi umunani n’ibihumbi cumi vy’amafaranga y’amarundi. Ariko bamwe bamwe ntibanashobora kuyihagurira.

Mu mwaka uheze, Prezida Ndayishimiye yafashe ingingo yo guha uburenganzira ishirahamwe Regideso ritanga amazi n’umuyagankuba uruhusha rwo kurangura ibitoro yagiriza abagwizatunga bikorera gukora amanyanga kugira bunguke umurengera.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika.

Burundi: Ibiciro vyo Kwiyunguruza Vyaduze Kubera Ubukene bw'Igitoro
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:08 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG