Uko wahagera

Abahitanwe na Nyamugigima muri Siriya na Turukiya Barenze Ibihumbi 40.


Abahitanwe na nyamugigima muri Siriya na Turukiya barenze ibihumbi 40. Ibiharuro vya nyuma vyatangajwe na prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, vyerekana ko abahitanywe na nyamugigima yumvikanye muri ico gihugu itariki ya gatandata y’uku kwezi barenze ibihumbi 35.

Ku ruhande rwa Siriya, abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo nyamugigima barenga ibihumbi bitanu n’amajana atanu. Nyamugigima yumvikanye muri ivyo bihugu uko ari bibiri ni yo ihitanye abantu benshi mu mateka ya Turukiya.

Hagati aho, inyuma y’iminsi umunani iyo nyamugigima isinzikaje Turukiya, hari abagikurwa munsi y’ibibomoke bagihumeka: Ejo ku wa kabiri, abajejwe gutabara barokoye umuyabaga w’imyaka 18 na mwene wabo w’imyaka 21. Abahinga bagabishije yamara ko amahirwe y’uko hari abandi boba bagihumeka atera agabanuka.(VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG