Uko wahagera

Monusco Ivuga ko Ibabajwe n'Abasivile 3 Biciwe mu Myiyerekano


Abanyagihugu b'i Goma barko barazibira amabarabara
Abanyagihugu b'i Goma barko barazibira amabarabara

Umurwi wa ONU muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Monusco, ushikiriza ko wababajwe n’iyicwa ry’abantu batatu bari mu myiyerekano, igihe batera imodokari zawo ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri mu gace ka Munigi.

Mw’itangazo rigenewe abamenyeshamakuru, Monusco yavuze ko abasirikare bayo batewe bari mu nzira bavuye i Kiwanja berekeza mu gisagara ca Goma baherekejwe n’abasirikare ba Kongo, FARDC. Monusco ivuga ko abari muri iyo myiyerekano baturiye ikamyo zayo zine. Abo basivile bapfiriye mu mishamirano igihe Monusco na FARDC bariko baragerageza gukingira imidokari zabo. Amatohoza akorewe hamwe niyo azoshira ahabona ivyabaye nkuko uwo murwi wa ONU uvuga.

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri RDC, Bintou Keita, asaba abanyagihugu bo muri ako karere kworohereza uruja n’uruza rw’abakozi ba Monusco bariko barafasha igisirikare ca Kongo ku musi ku musi. Yemeye kandi ko umurwi ahagarariye uzobandanya ubakingira kandi ufasha ko imfashanyo zishikira abateshejwe ingo zabo n’intambara.

Iryo tangazo rirangira avuga ko yiyemeje ko ONU izobandanya ishigikira reta ya Kongo n’abanyagihugu bayo mu twigoro two kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG