Ugutana mu mitwe gukomeye kuriko kuraba mu ntara ya Donbas mu buseruko bwa Ukraine. Ibisagara vya Bakhmut, Soledar na Vuhledar ni vyo urubuga rw’intambara muri iki gihe.
Buramatari w’intara ya Donetsk, Pavlo Kyrylenko yavugiye kuri televiziyo ko Uburusiya buriko burasuka abasirikare bashasha ku rubuga rw’imirwano kandi bariko barasenyura ibisagara vyo mu ntara yiwe.
Abategetsi ba Ukraine bavuze kuri uyu wa mbere ko Uburusiya buriko burarunda abasirikare ku rubibe na Ukraine cane cane mu gice c’ubuseruko n’uburaruko bushira ubuseruko, kuva mu mpera z’ukwezi kwa mbere. Bavuga ko bwoba buriko buritegurira ibitero bikomeye imbere yuko umwaka urangira intambara itanguye, kw’itariki ya 24 z’uka kabiri.
Umuvugizi w’iperereza ry’igisirikare ca Ukraine, Vadym Skibitsky, avuga ko Uburusiya busa n’uburiko buratororokanya abandi basirikare baharurwa hagati y’i 300,000-500,000 biyongera ku bandi bashasha 300,000 bwinjije imbere y’igihe c’ubukanye.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuri uyu wa mbere yagabishije amakungu ko iyi ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine igiye kuba iyagutse.
Ikimenyeshamakuru The Financial Times candikira mu Bwongereza canditse kuri uyu wa mbere ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ririko riritegurira urugendo rwa Prezida Volodymyr Zelensky muri iyi ndwi. Uwo mutegetsi ategekanya kuzoshikiriza ijambo inama nshingamateka y’abanyaburaya.
Mu ndwi iheze abategetsi b’ubumwe bwa Buraya baragiye i Kiev kubonana na Prezida Zelensky n’abandi bategetsi ba Ukraine kuganira kuco ubumwe bwa Buraya bwokora ku Burusiya hamwe n’uko Ukraine yokwinjizwa mw’ishirahamwe rya Buraya. (AP, Reuters, AFP)
Facebook Forum