Uko wahagera

Abanyagihugu Ba Makamba Bagiriza Ubutungane Akarenganyo n’Itotezwa


Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi
Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi

Mu rugendo Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yagiriye mu Ntara ya Makamba kuri uyu wa Gatanu, yahasanze umubabaro mwinshi mu banyagihugu ,aho bamumenyesheje akarenganyo n’itotezwa bakorerwa n’ubucamanza bw’I Makamba bagacibwa imanza zibanyaga ivyabo batanaburanye.

Abo banyagihugu basavye umushikiranganji wa mbere w’uburundi Gervais Ndirakobuca kubarenganura, kuko batabona aho bahagaze kubera ivyo bakorerwa, abajejwe umutekano n’ubucamanza bubifisemwo uruhare.

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yasavye imbabazi abo banyagihugu barenganijwe vy’indengakamere, abizeza ko Reta igiye guhagurukira abo bantu bafashe ubutungane nkaho ari umutungo wabo muri iyo ntara.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG