Uko wahagera

Papa Fransisiko Yashitse muri Sudani


Ivyapa vyakira Papa Fransisiko
Ivyapa vyakira Papa Fransisiko

Papa Fransisiko yastise uno musi ku wa gatanu muri Sudani yo mu bumanuko mu rugendo azoba agize muri ico gihe avuye muri Republika ya demokrasi ya Congo.

Papa Fransisiko, yakiwe na Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir igihe yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru, Juba. Abantu isinzi bari mu kamwemwe bari baje kumwakira

Mu rugendo rwa Papa Fransisiko muri Sudani yo mu bumanuko, aherekejwe na Musenyeri mukuru wa Cantebury, Justin Welby ayoboye Ekleziya y’Abanglikani kw’isi na Iain Greenshields, ayoboye amashegero yo muri Ecosse. Bari hamwe abo bayobozi uko ari batatu baserukira amadini akomeye muri Sudani yo mu bumanuko, igihe kigizwe ahanini n’abakristu.

Justin Welby yatangaje ko yababajwe cane n’ubwicanyi bw’abantu 27 mu ntara ya Central Equatorial, umusi umwe imbere y’uko bashika muri Sudani yo mu bumanuko. Ni ubwicanyi bw’ukwihorana hagati y’aborozi n’abantu bitwaje

ibirwanisho Yatangaje ko ubwicanyi nk’ubwo ari ibintu bishika kenshi cane muri ico gihugu. Yasavye ko abantu bafata iyindi ntumbero muri ico gihugu. Yateye akamo abanyasudani yo mu bumanuko gukorera hamwe mu mahoro.

Papa Fransisiko yari yashatse kugendera Sudani yo mu bumanuko haraheze ikiringo kitari gito. Yamara igihe cose yashatse kugendera ico gihugu, yarabisibishije kubera umutekano muke muri ico gihugu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG