Uko wahagera

Amerika Iragabisha Ibitero vy'Iterabwoba muri Turukiya


Uwucungera umutekano ahagaze hafi ya ambasade ya Amerika i Ankara, Turukiya, kw'itariki ya 08/10/2019.
Uwucungera umutekano ahagaze hafi ya ambasade ya Amerika i Ankara, Turukiya, kw'itariki ya 08/10/2019.

Ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Turukiya yagabishije abanyamerika kuri uyu wa mbere ko hashobora kuzoba ibitero vy’iterabwoba i Istanbul. Ivyo bitero bizotumbera ku masengero, amasinagogi hamwe no kuri za ambasade z’abanyaburaya.

Bugize kabiri mu kiringo c’imisi ine Amerika itanga iryo gabisha. Ni inyuma y’aho ku mugabane wa Buraya habereye uguturira igitabo ceranda c’abayisilamu ca Korowani, muri Suwede, Ubuholande na Danemarke.

Ambasade ya Amerika yavuze ko hashobora kuzoba ibitero vy’iterabwoba bitumbereye kwihora. Bishobora kuzobera mu bice bigenderwa n’abanyaburaya, cane cane mu bisagara vya Beyoglu, Galata, Taksim, na Istiklal. Iri tangazo rivuga kandi ko abategetsi ba Turukiya bariko barabitohozako.

Ku musi wa gatanu w’indwi iheze, ambasade zitari nke ziri ku murwa mukuru Ankara, harimwo iza Amerika, Ubudagi, Ubufaransa n’Ubutaliyano zaragabishije abenegihugu babo kuri ivyo bitero vyo kwihora.

Ku musi wa gatandatu, Turukiya nayo nyene yaragabishije abenegihugu bayo baba mu bihugu vyo mu burengero bw’isi. Yavuze ko bashobora guhura n’ibitero bishingiye ku rwanko rwo kuba ari abayisilamu, abanyamahanga no ku rukoba rwabo muri Reta zunze ubumwe za Amerika no ku mugabane wa Buraya. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG