Uko wahagera

Ibitero vy'Indege ku Barwanyi Bashigikiwe na Irani muri Siriya Vyahitanye 10

Muri Siriya abantu 10 bishwe mu bitero vyakozwe n’indege zitagira abadereva ku migwi y’abagwanyi bashigikiwe na Irani bakorera mu buseruko bwa Siriya.

Izo ndege zakoze ibitero bitandukanye birimwo icakozwe uyu musi wa mbere kigahitana abantu batatu.

Ishirahamwe rikwirikiranira hafi ibijanye n’agateka ka muntu muri Siriya rikorera mu Bwongereza ryatangaje ko umwe mu bakomanda bashigikiwe n’igihugu ca Irani yari mu bishwe mu gitero c’uno musi, hamwe na bagenzi biwe babiri. Iryo shirahamwe rivuga ko ryari risanzwe ririko rirakora amatohoza mu kibanza vyari vyaraye bikorewemwo.

Imodoka y'uwo musirikare w’intwazangabo, yatewe igihe yari agiye gusuzuma ikibanza cari caraye gitewe. Ico gitero carasambuye imodoka zitandatu zari mu rugendo ziriko zigana muri Siriya, zivuye muri Iraki.

Iryo shirahamwe rikora amatohoza muri Siriya rivuga ko izo modoka zatewe zigeze mu karere ka Albu Kamal kari hafi y’umupaka, aho abagwanyi benshi bashigikiwe na Irani bacumbitse.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko abandi bagwanyi indwi bishwe mu gitero c’indege zitwazi, bari abashoferi hamwe n’abagwanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG